Urashoborakwumva ijwi ry'Imana!
Infunguruzo zinezo guhozako,z'uguhozako,z'ubukomezi,z'ugutanga
ubuzima,Mu biganiro hamwe n'Imana Mark Virkler
Ubuyobozi bwo kunywana n'Imana
3792 Broadway Street
1-800-466-961
Igihe tubamwo kiriyunganye n'ubumenyi, n'ivyiyunvirobituma
tutemera ko umuntu ashobora kwumva ijwiry'Imana. Ariko hari ibituma
vyinshi tutavyemera. Ubwambere abagabo n'abagore bo muri
Bibiliya barumviseijwi ry'Imana. Kandi hariho
abagabo n'abagore b'Imanabakiriho berekana ko bumva
ijwi ry'Imana. Ubwanyuma,hariho muri twebwe inyota
yo gusangira n'Imana nokwumva iriko iravugira mu
mitima yacu. Ndi Umukizwa, Umukirisu yemera
Bibiliya, narageragejeimyaka n'imya ka kwumva ijwi
ry'Imana biranka.Narasenze, ndisonzesha, ndiga
Bibiliya nongerandumviriza ko hari ijwi nokwumva,
biranka. Nta jwiryariho nashobora kwumva. Hanyuma
Imana inshira kuruhande igihe cu'mwaka ngo nige,
nsome, nongeremenyere kwumva ijwiryiwe. Muri ico
gihe Imanayaranyigishije infunguruzo zine zo
kwugurura urugi muburyo bubiri bwo gusenga. Nasanze
ubwo buryo butoroheyejewe gusa, ariko ibihumbi
vy'abandi Bakizwa bigishijwekubukoresha, butuma
biyegereza cane na Kristu,burahindura n'ubuzima
bwabo. Ibi bizogushikira naweuriko urarondera Imana
ukurikije izi nfunguruzozine, uzozisanga zose muri
Habakkuk 2: 1, 2.Ndabasavye musome ibi bikurikira
imbere yo kubandanya.
1- Urufunguruzo numero imwe- Ijwi ry'Imana mu
mitimayacu ryumvikana nk'ivyiyumviro vya
giturumbuka. Iyonuguruye ku Mana, nugururiye
ubukerebutsi.Bibiliya ivuga ko Imana
ivuga...(Hab.2:2).Habakkuk yari azi kwumva ijwi
ry'Imana. Elijah avugako rimeze nk'ijwi ritoyi (I
Kings ). Mporanumviriza ijwi ry'imbere kandi
ndazi ko Imana ishoborakuvuga gutyo rimwe na rimwe.
Ariko naratoye ijwiry'Imana risa n'ivyiyumviro biza
giturumbuka,ukabonekerwa, ugahinduka mu mubiri,
cankeugakekeranya. Akarorero, Ntibirashika muri
twebweumuntu ariko aratwara umuduga akumva
iciyumviro kimujeko kimubwira ngo nasengere umuntu
umwe? Duca tumenya koari ijwi ry'Imana ritubwira
gusengera uwo muntu.Ikibazo canje ni iki, "Ijwi
ry'Imana ryumvikana gutemu gihe wariko uratwara
umuduga? Ryoba ryari ijwiry'imbere mu mutima, ijwi
ryumvikana canke cariiciyumviro ca giturumbuka caje
mu mutwe wawe?" Benshimuri twebwe muvuga ko ijwi
ry'Imana ryajenk'iciyumviro giturumbuka.Jewe nca
nibwira ngo "ngira ngo ndiko ndumviriza ijwiry'Imana
nohora numviriza kuvyiyumviro bizagiturumbuka. Ngira
ngo Mutima Mweranda tumwakira muvyiyumviro biza
giturumbuka ndavye ivyo maze kwiboneran'ivyo abandi
babona, ndemera ko ibi ari vyo.Bibiliya iravyemeza
mu buryo bwinshi. Paga, ijambo ry'Igi Hebereya,
rivuga ngo kwihuriro, ni "Kugira Imanacanke igisida
kikuguyeko". Iyo Imana ishize abantu kumiti ma yacu
ngo tubasengere, ibigira ikoresheje"Paga",
ivyiyumviro biza giturumbuka. Nico gituma
iyontumbereye Imana nugururira ivyiyumviro
vyagiturumvuka. Iyo nicaye ntekereje imbere y'Imana
ndimu gisabisho, ndamaze kubona ko ivyiyumviro vyose
bizamuri uwo mwanya biza ku Mana.
2- Urufunguruzo numero zibiri- Ntagerezwa kwigagusohora ivyiyumviro
vyanje kugira ngo numvirize kobijanye n'ivyiyumviro
vy'Imana biri muri jewe.Habakkuk yavuze,
"Nzohagarara kwirembo nishigikizeinkingi yanje..."
(Hab.2:1).Habakkuk yari azi ko kugira yumve
ivyiyumviro vyizabivuye ki Mana, yategerezwa kuja mu
kibanzagitekanyehanyuma agasohora ivyiyumviro biri
muri we. Psaumes46:10 itubwira kuguma hamwe, tumenye
ko ari Imana.Hariho ivyiyumviro biri muri twebwe
umwe wese aravyumaiyo agumye hamwe mu kibanza
gitekanye. Naratoye uburyobwinshi bwo kuguma hamwe
kugira numvirize ivyiyumvirobivuye ku Mana. Gukunda
Imana mu karirimbo kayikezabiranfasha (raba II Kings
)- Iyo ngumye mpagazehamwe imbere y'Imana niho
vya vyiyumviro bihezagiyebiza biseseka. Ariko
mpejeje kuninahaza Imana nihoivyiyumviro vya
giturumbuka biza. Iyo niyumviriye
ivyonibagiyegukora, nca ndavyandika hanyuma
nkacandabihanagura. Iyo niyumviriye ibintu
bitakorwa, cankeibintu niyagiriza, nca ndavyihana
ubwo nyene nkasabaikigongwe, nkaca niyuhagira
amaraso y'umwagazi w'Imanankambara umutamana wayo
w'ukuri, nkibona ko atagacafukandiko imbere y'Imana
(Is. 61:10), Col.1:22).Uko mpangaza amaso kuri Yezu
(Heb.12:2), nkatekerezaimbere yiwe, nkamubwira ikiri
ku mutima wanje, nsangahari uburyo bubiri bwo
kuyaga. Ivyiyumviro vyagiturumbuka biva ku ntebe
y'Imana biseseka kuri jewe,kandi nkasanga ndiko
ndaganira n'Umwami w'Abami.Birahambaye ko uja
kuronka ijambo ryera ry'Imana ugumautekereje kandi
ukaguma hamwe. Utagumye hamwe, uzakuronka
ivyiyumviro bivuye kuri wewe gusa. Utagumyeushinze
maso kuri Yezu, uzoronka ivyiyumvirobitosekaye,
kubera ivyiyumviro biza bivuye ahantuwatumbereje
amaso yawe. Nico gituma, utumbereje amasokuri Yezu,
ivyiyumviro bica biva kuri Yezu. Niwarabakubintu
umutima wawe ushaka, ivyiyumviro bica bizabivuye
kuri ivyo umutima wawe ushaka. Kugira
uronkeivyiyumviro bidatosekaye, utegerezwa imbere ya
vyosekuguma hamwe, ubwa kabiri utegerezwa kurabisha
amasoyawe kuri Yezu.Ndongeye kandi kuvuga ,
guhimbazaUmwami mu mutekano, hanyuma ugaca uronka
ubutekerejibutuma ivyo vyose biranguka.
3- Urufunguruzo numero zitatu- Iyo ndiko ndasenga,
ngumiza amaso n'umutima wanje kuri Yezu, nkabona
muri Mutima indoto n'amahishuka y'Imana Rugira
vyose.
Twamaze gushushanya ibi vyishimikizo mu ngingo
tumaze kwandika. Ariko turakeneye kubandanya
tubivuga gatoyi. Habakkuk yavuze,"Nzoguma ndaba
kugira mbone," hanyuma Imana ivuga," Gumya ayo
mahishuko". (Hab.2:12). Birahambaye ko Habakkuk yari
agiye gutangura kurondera amahishuko uko asenze.
Yari agiye kwugurura amaso y'umutima wiwe, hanyuma
arabe muri Mushaha ico Imana yashatse kumwereka. Ibi
ni ivyiyumviro bitoroshe.
Sinari bwigere niyumvira kwugurura amaso y'umutima
wanje kandi ngo ndondere amahishuka. Ariko uko
naguma ndavyiyumvira, niko nasanga ibi ari ivyo
Imana yari yashatse ko nkora. Yarampaye amaso mu
mutima wanje. Ategerezwa gukoreshwa mu kuraba muri
Mutima igihishuko hamwe n'ingendo z'Imana Mushobora Vyose.Ndemera ko
hariho Umutima ukorera iruhande yanje.
Iyo Si, yuzuye Abamalayika, amashetani, Mutima
Mweranda, Imana iri hose, hamwe n'Umwana wiwe ari
hose. Nta kintu combuza kubibona; tureste imigenzo
yanje imbwira ngo ndeke kuvyemera ikaba idashobora
kumpa inyigisho z'ingene nokwuguruka kugira ngo
mbone iyi Si ya Mutima.
Ibihambaye kugira ubone ni ugukenera kuraba. Daniel yabonekewe mu
mutwe wiwe aca avuga," Nariko ndaraba....Nguma ndaba...nguma ndaba"
(Dan.7:2, 9, 13). Ubu ndiko ndasenga, ndondera Yezu ari kumwe
nanje, kandi ndamuraba iyo ariko aramvugisha, akora,
kandi avuga ibintu biri ku mutima wiwe.
Abakristu benshi bazosanga ko iyo baraba gusa,
bazobona. Yezu ni Emmanuel, Imana kumwe na twe
(Matt.1:23). Biroroshe nk'ibindi. Uzobona imboneko
yihuta mu buryo busa n'ivyiyumviro biza giturumbuka.
Urashobora kubona Kristu ari kumwe na we ahantu
haruhura, kubera Kristu ari kumwe na we aho hantu
haruhura, uzobona ivyo biboneka biza atangorane
ugaca ushaka kureka kuvyemera, ukibaza ngo ni
ivyiyumviro vyawe. (Ugukekeranya ni ikigwanisho ca
shetani kirwanya isengero.)
Ariko ni wabandanya ubika izo mboneko, ugukekeranya
kwawe kuzorutwa n'ukwizera kubera uzobona ko ivyo
vyose biva ku Mana Rugira vyose.
Imana yabandanije kwiyerekana mu bantu biwe
ikoresheje indoto hamwe n'imboneko. Yarabigize kuva
mu bice vyambere vya Bibiliya (Genesis) gushika mu
bice vyanyuma vya Bibiliya (Revelation) kandi avuga
ngo kuva Mutima Mweranda arungistwe, muri (Acts2), twategerezwa kuguma
turonka indoto n'imboneko ( Acts
2: 1-4, 17).
Yezu, umurongozi wacu mwiza, yaravyerekanye ko hari
ububasha bwamaho bwo kubana n'Imana Rugira Vyose.
Yavuze ko atakintu yakoze ku bubasha bwiwe mugabo
ivyo yabonye Data akora, kandi yumvise Data avuga
(Jn.5:19, 20, 30). Mbega uburyo bwiza bwo kubaho!
Ubu vyoba bishoboka ko tugira ubuzima burimwo
intango nyeranda nkuko Yezu yabigize? Igituma
nyamukuru c'urufpu rwa Yezu hamwe n'ukuzuka kwiwe
vyari ugutabuka kw'Umushanana kuva hejuru gushika
hasi, kukutaguma mu mubano w'Imana, kandi
turategerezwa kumwegera (2K. ).
Heb. 10:19-20). Aho rero n'aho ivyo ndiko
ndashushanya bisa n'ivyo tutamenyereye muri iki
kiringo c'imyaka amajana mirongo ibiri na rimwe
(21st century), birerekanywe kandi birashushanije mu
nyigisho za Bibiya hamwe n'ivya bonetse. Harageze ko
Isengero risubira kwiyungunganya rikegeranya ivyo
vyose biyikomoka ko, ikegeranya ivyayo vyose. Kubera
kamere, hamwe n'imigenzo, bamwe bazokenera gufashwa
no gutahura uku Kuri, imbere yo kuka muri ukwo Kuri. Bazosanga
ibibafasha mu gitabo "Kunywana n'Imana" ("Communion with God")
canditswe n'uwo mwanditsi nyene umwe.
4-Urufunguruzo numero zine-Ukwandika ibisabisho
vyacu hamwe n'inyishu z'Imana, biraduha ukwidegenvya
kwiza mu kwumva Ijwi ry'Imana.
Imana yabwiye Habakkuk kwumviriza hamwe no kwandika amahishuko ku
gitabo ( Hab.2:22). Ntivyigeze na rimwe biza mu mutwe wanje kwandika
ibisabisho vyanje hamwe n'inyishu z'Imana. Utanguye kurondera mu
vyanditwe kuri iki ciyumviro, uzosanga amajana
y'ibihumbi y'ibihimba bivyerekana (Psalms, Abahanuzi
benshi, revelation). Ni kubera iki ntigeze ngira
ico ciyumviro?
Ubwo buryo nabwise ("Ivyandiko") " Journaling",
kandi nca ntangura kubibona. Nasanze ari uburyo
bubereye bwo gutohoza ibintu biva ku Mana, kubera
uko nandika nashobora kuvyandika mu kwizera gufata
umwanya muremure, kubera nemera ko ari Imana.
Sinigeze ndinda kubitahuza uko naba ndiko ndabironka
(naho vyoba vyari vyinshi ku mutwe umwe), kubera
nari nzi ko aho bizorekera kuza nzosubira inyuma
nongere ndavyihweze nitonze, ndaba neza ko biri ku
murongo w'ivyandiko vya Bibiliya.
Uzotangara niwagerageza kugira ivyandiko. Ubwambere ugukekeranya
gushobora kuzoguhagarika, ariko biterere hirya, wiyibutse ko ari
ivyandiko vya Bibiliya, kandi ko Imana iri ngaho, ivugisha abana
bayo. Ntiwifate ko uhambaye cane. Ni wabigira, uzoca
usanga uriko urazibira inzira ya Mutima Mweranda.
Ni igihe turetse ibikorwa vyacu tukinjira mu
buruhukiro bwiwe Imana
vyayo (Heb.4:10).
Nico gituma ushira akanyamuneza mu maso yawe, icara
neza, sohora ikaramu yawe n'urupapuro, hanyuma
uhangaze amaso ku Mana mu kuyiririmba no
kuyishimagiza, usaba ko womubona amaso mu yandi.
Uriko urandika ikibazo cawe ubaza Imana ukaguma
hamwe, uhangaje umutima wawe kuri Yezu, ari kumwe na
we, uzoca uronka iciyumviro ciza cishura ikibazo
cawe. Ntugikekeranye, ca ucandika ubwo nyene.
Hanyuma uriko urasoma ivyandiko vyawe, na we nyene
uzohezagirwa kubona uriko uraganira n'Imana.
Inyigisho zanyuma:nta numwe yogerageza ibi bintu
atabanje gusoma Bibiliya nshasha (New Testament)
cane cane , Bibiliya yose, kandi nta numwe
yogerageza ibi bintu kiretse akoreshejwe
n'ingabirano ya Mutima Mweranda.
Ingendo nya mukuru zituruka mu kwandika zotegerezwa
guherezwa imbere y'uko zikoreshwa.
Ni mugendere www.cwgministries.org mukeneye izindi
nyigisho canke ibisomwa vyerekeye kwumva ijwi
ry'Imana.
Top Sellers
God's Voice Worldwide
Discover 7 reasons to subscribe to our free monthly email newsletter today!
Subscribe or unsubscribe.
Spread the Word
If you are interested in putting a link to our materials on your website, or mentioning it in your newsletter, you can become an affiliate.
