Urashoborakwumva ijwi ry'Imana!

Infunguruzo zinezo guhozako,z'uguhozako,z'ubukomezi,z'ugutanga

ubuzima,Mu biganiro hamwe n'Imana Mark Virkler

Ubuyobozi bwo kunywana n'Imana

3792 Broadway Street 

Cheektowaga, NY 14227-1123U.S.A.

1-800-466-961

 

www.cwgministries.org

 

cwg@cwgministries.org

 

 

 

 

Igihe tubamwo kiriyunganye n'ubumenyi, n'ivyiyunvirobituma

 

tutemera ko umuntu ashobora kwumva ijwiry'Imana. Ariko hari ibituma

 

vyinshi tutavyemera. Ubwambere abagabo n'abagore bo muri

 

Bibiliya barumviseijwi ry'Imana. Kandi hariho

 

abagabo n'abagore b'Imanabakiriho berekana ko bumva

 

ijwi ry'Imana. Ubwanyuma,hariho muri twebwe inyota

 

yo gusangira n'Imana nokwumva iriko iravugira mu

 

mitima yacu. Ndi Umukizwa, Umukirisu yemera

 

Bibiliya, narageragejeimyaka n'imya ka kwumva ijwi

 

ry'Imana biranka.Narasenze, ndisonzesha, ndiga

 

Bibiliya nongerandumviriza ko hari ijwi nokwumva,

 

biranka. Nta jwiryariho nashobora kwumva. Hanyuma

 

Imana inshira kuruhande igihe cu'mwaka ngo nige,

 

nsome, nongeremenyere kwumva ijwiryiwe. Muri ico

 

gihe Imanayaranyigishije infunguruzo zine zo

 

kwugurura urugi muburyo bubiri bwo gusenga. Nasanze

 

ubwo buryo butoroheyejewe gusa, ariko ibihumbi

 

vy'abandi Bakizwa bigishijwekubukoresha, butuma

 

biyegereza cane na Kristu,burahindura n'ubuzima

 

bwabo. Ibi bizogushikira naweuriko urarondera Imana

 

ukurikije izi nfunguruzozine, uzozisanga zose muri

 

Habakkuk 2: 1, 2.Ndabasavye musome ibi bikurikira

 

imbere yo kubandanya.

 

 

 

 

 1- Urufunguruzo numero imwe- Ijwi ry'Imana mu

 

mitimayacu ryumvikana nk'ivyiyumviro vya

 

giturumbuka. Iyonuguruye ku Mana, nugururiye

 

ubukerebutsi.Bibiliya ivuga ko Imana ica

 

ivuga...(Hab.2:2).Habakkuk yari azi kwumva ijwi

 

ry'Imana. Elijah avugako rimeze nk'ijwi ritoyi (I

 

Kings ). Mporanumviriza ijwi ry'imbere kandi

 

ndazi ko Imana ishoborakuvuga gutyo rimwe na rimwe.

 

Ariko naratoye ijwiry'Imana risa n'ivyiyumviro biza

 

giturumbuka,ukabonekerwa, ugahinduka mu mubiri,

 

cankeugakekeranya. Akarorero, Ntibirashika muri

 

twebweumuntu ariko aratwara umuduga akumva

 

iciyumviro kimujeko kimubwira ngo nasengere umuntu

 

umwe? Duca tumenya koari ijwi ry'Imana ritubwira

 

gusengera uwo muntu.Ikibazo canje ni iki, "Ijwi

 

ry'Imana ryumvikana gutemu gihe wariko uratwara

 

umuduga? Ryoba ryari ijwiry'imbere mu mutima, ijwi

 

ryumvikana canke cariiciyumviro ca giturumbuka caje

 

mu mutwe wawe?" Benshimuri twebwe muvuga ko ijwi

 

ry'Imana ryajenk'iciyumviro giturumbuka.Jewe nca

 

nibwira ngo "ngira ngo ndiko ndumviriza ijwiry'Imana

 

nohora numviriza kuvyiyumviro bizagiturumbuka. Ngira

 

ngo Mutima Mweranda tumwakira muvyiyumviro biza

 

giturumbuka ndavye ivyo maze kwiboneran'ivyo abandi

 

babona, ndemera ko ibi ari vyo.Bibiliya iravyemeza

 

mu buryo bwinshi. Paga, ijambo ry'Igi Hebereya,

 

rivuga ngo kwihuriro, ni "Kugira Imanacanke igisida

 

kikuguyeko". Iyo Imana ishize abantu kumiti ma yacu

 

ngo tubasengere, ibigira ikoresheje"Paga",

 

ivyiyumviro biza giturumbuka. Nico gituma

 

iyontumbereye Imana nugururira ivyiyumviro

 

vyagiturumvuka. Iyo nicaye ntekereje imbere y'Imana

 

ndimu gisabisho, ndamaze kubona ko ivyiyumviro vyose

 

bizamuri uwo mwanya biza ku Mana. 

 

 

2- Urufunguruzo numero zibiri- Ntagerezwa kwigagusohora ivyiyumviro

 

vyanje kugira ngo numvirize kobijanye n'ivyiyumviro

 

vy'Imana biri muri jewe.Habakkuk yavuze,

 

"Nzohagarara kwirembo nishigikizeinkingi yanje..."

 

(Hab.2:1).Habakkuk yari azi ko kugira yumve

 

ivyiyumviro vyizabivuye ki Mana, yategerezwa kuja mu

 

kibanzagitekanyehanyuma agasohora ivyiyumviro biri

 

muri we. Psaumes46:10 itubwira kuguma hamwe, tumenye

 

ko ari Imana.Hariho ivyiyumviro biri muri twebwe

 

umwe wese aravyumaiyo agumye hamwe mu kibanza

 

gitekanye. Naratoye uburyobwinshi bwo kuguma hamwe

 

kugira numvirize ivyiyumvirobivuye ku Mana. Gukunda

 

Imana mu karirimbo kayikezabiranfasha (raba II Kings

 

)- Iyo ngumye mpagazehamwe imbere y'Imana niho

 

vya vyiyumviro bihezagiyebiza biseseka. Ariko

 

mpejeje kuninahaza Imana nihoivyiyumviro vya

 

giturumbuka biza. Iyo niyumviriye

 

ivyonibagiyegukora, nca ndavyandika hanyuma

 

nkacandabihanagura. Iyo niyumviriye ibintu

 

bitakorwa, cankeibintu niyagiriza, nca ndavyihana

 

ubwo nyene nkasabaikigongwe, nkaca niyuhagira

 

amaraso y'umwagazi w'Imanankambara umutamana wayo

 

w'ukuri, nkibona ko atagacafukandiko imbere y'Imana

 

(Is. 61:10), Col.1:22).Uko mpangaza amaso kuri Yezu

 

(Heb.12:2), nkatekerezaimbere yiwe, nkamubwira ikiri

 

ku mutima wanje, nsangahari uburyo bubiri bwo

 

kuyaga. Ivyiyumviro vyagiturumbuka biva ku ntebe

 

y'Imana biseseka kuri jewe,kandi nkasanga ndiko

 

ndaganira n'Umwami w'Abami.Birahambaye ko uja

 

kuronka ijambo ryera ry'Imana ugumautekereje kandi

 

ukaguma hamwe. Utagumye hamwe, uzakuronka

 

ivyiyumviro bivuye kuri wewe gusa. Utagumyeushinze

 

maso kuri Yezu, uzoronka ivyiyumvirobitosekaye,

 

kubera ivyiyumviro biza bivuye ahantuwatumbereje

 

amaso yawe. Nico gituma, utumbereje amasokuri Yezu,

 

ivyiyumviro bica biva kuri Yezu. Niwarabakubintu

 

umutima wawe ushaka, ivyiyumviro bica bizabivuye

 

kuri ivyo umutima wawe ushaka. Kugira

 

uronkeivyiyumviro bidatosekaye, utegerezwa imbere ya

 

vyosekuguma hamwe, ubwa kabiri utegerezwa kurabisha

 

amasoyawe kuri Yezu.Ndongeye kandi kuvuga ,

 

guhimbazaUmwami mu mutekano, hanyuma ugaca uronka

 

ubutekerejibutuma ivyo vyose biranguka.

 

 

 

 

 

 

 

3- Urufunguruzo numero zitatu- Iyo ndiko ndasenga,

 

ngumiza amaso n'umutima wanje kuri Yezu, nkabona

 

muri Mutima indoto n'amahishuka y'Imana Rugira

 

vyose.

 

Twamaze gushushanya ibi vyishimikizo mu ngingo

 

tumaze kwandika. Ariko turakeneye kubandanya

 

tubivuga gatoyi. Habakkuk yavuze,"Nzoguma ndaba

 

kugira mbone," hanyuma Imana ivuga," Gumya ayo

 

mahishuko". (Hab.2:12). Birahambaye ko Habakkuk yari

 

agiye gutangura kurondera amahishuko uko asenze.

 

Yari agiye kwugurura amaso y'umutima wiwe, hanyuma

 

arabe muri Mushaha ico Imana yashatse kumwereka. Ibi

 

ni ivyiyumviro bitoroshe.

 

Sinari bwigere niyumvira kwugurura amaso y'umutima

 

wanje kandi ngo ndondere amahishuka. Ariko uko

 

naguma ndavyiyumvira, niko nasanga ibi ari ivyo

 

Imana yari yashatse ko nkora. Yarampaye amaso mu

 

mutima wanje. Ategerezwa gukoreshwa mu kuraba muri

 

Mutima igihishuko hamwe n'ingendo z'Imana Mushobora Vyose.Ndemera ko

 

hariho Umutima ukorera iruhande yanje.

 

Iyo Si, yuzuye Abamalayika, amashetani, Mutima

 

Mweranda, Imana iri hose, hamwe n'Umwana wiwe ari

 

hose. Nta kintu combuza kubibona; tureste imigenzo

 

yanje imbwira ngo ndeke kuvyemera ikaba idashobora

 

kumpa inyigisho z'ingene nokwuguruka kugira ngo

 

mbone iyi Si ya Mutima.

 

Ibihambaye kugira ubone ni ugukenera kuraba. Daniel yabonekewe mu

 

mutwe wiwe aca avuga," Nariko ndaraba....Nguma ndaba...nguma ndaba"

 

(Dan.7:2, 9, 13). Ubu ndiko ndasenga, ndondera Yezu ari kumwe

 

nanje, kandi ndamuraba iyo ariko aramvugisha, akora,

 

kandi avuga ibintu biri ku mutima wiwe.

 

Abakristu benshi bazosanga ko iyo baraba gusa,

 

bazobona. Yezu ni Emmanuel, Imana kumwe na twe

 

(Matt.1:23). Biroroshe nk'ibindi. Uzobona imboneko

 

yihuta mu buryo busa n'ivyiyumviro biza giturumbuka.

 

Urashobora kubona Kristu ari kumwe na we ahantu

 

haruhura, kubera Kristu ari kumwe na we aho hantu

 

haruhura, uzobona ivyo biboneka biza atangorane

 

ugaca ushaka kureka kuvyemera, ukibaza ngo ni

 

ivyiyumviro vyawe. (Ugukekeranya ni ikigwanisho ca

 

shetani kirwanya isengero.)

 

Ariko ni wabandanya ubika izo mboneko, ugukekeranya

 

kwawe kuzorutwa n'ukwizera kubera uzobona ko ivyo

 

vyose biva ku Mana Rugira vyose.

 

Imana yabandanije kwiyerekana mu bantu biwe

 

ikoresheje indoto hamwe n'imboneko. Yarabigize kuva

 

mu bice vyambere vya Bibiliya (Genesis) gushika mu

 

bice vyanyuma vya Bibiliya (Revelation) kandi avuga

 

ngo kuva Mutima Mweranda arungistwe, muri (Acts2), twategerezwa kuguma

 

turonka indoto n'imboneko ( Acts

 

2: 1-4, 17).

 

Yezu, umurongozi wacu mwiza, yaravyerekanye ko hari

 

ububasha bwamaho bwo kubana n'Imana Rugira Vyose.

 

Yavuze ko atakintu yakoze ku bubasha bwiwe mugabo

 

ivyo yabonye Data akora, kandi yumvise Data avuga

 

(Jn.5:19, 20, 30). Mbega uburyo bwiza bwo kubaho!

 

Ubu vyoba bishoboka ko tugira ubuzima burimwo

 

intango nyeranda nkuko Yezu yabigize? Igituma

 

nyamukuru c'urufpu rwa Yezu hamwe n'ukuzuka kwiwe

 

vyari ugutabuka kw'Umushanana kuva hejuru gushika

 

hasi, kukutaguma mu mubano w'Imana, kandi

 

turategerezwa kumwegera (2K. ).

 

Heb. 10:19-20). Aho rero n'aho ivyo ndiko

 

ndashushanya bisa n'ivyo tutamenyereye muri iki

 

kiringo c'imyaka amajana mirongo ibiri na rimwe

 

(21st century), birerekanywe kandi birashushanije mu

 

nyigisho za Bibiya hamwe n'ivya bonetse. Harageze ko

 

Isengero risubira kwiyungunganya rikegeranya ivyo

 

vyose biyikomoka ko, ikegeranya ivyayo vyose. Kubera

 

kamere, hamwe n'imigenzo, bamwe bazokenera gufashwa

 

no gutahura uku Kuri, imbere yo kuka muri ukwo Kuri. Bazosanga

 

ibibafasha mu gitabo "Kunywana n'Imana" ("Communion with God")

 

canditswe n'uwo mwanditsi nyene umwe.

 

 

4-Urufunguruzo numero zine-Ukwandika ibisabisho

 

vyacu hamwe n'inyishu z'Imana, biraduha ukwidegenvya

 

kwiza mu kwumva Ijwi ry'Imana.

 

Imana yabwiye Habakkuk kwumviriza hamwe no kwandika amahishuko ku

 

gitabo ( Hab.2:22). Ntivyigeze na rimwe biza mu mutwe wanje kwandika

 

ibisabisho vyanje hamwe n'inyishu z'Imana. Utanguye kurondera mu

 

vyanditwe kuri iki ciyumviro, uzosanga amajana

 

y'ibihumbi y'ibihimba bivyerekana (Psalms, Abahanuzi

 

benshi, revelation). Ni kubera iki ntigeze ngira

 

ico ciyumviro?

 

Ubwo buryo nabwise ("Ivyandiko") " Journaling",

 

kandi nca ntangura kubibona. Nasanze ari uburyo

 

bubereye bwo gutohoza ibintu biva ku Mana, kubera

 

uko nandika nashobora kuvyandika mu kwizera gufata

 

umwanya muremure, kubera nemera ko ari Imana.

 

Sinigeze ndinda kubitahuza uko naba ndiko ndabironka

 

(naho vyoba vyari vyinshi ku mutwe umwe), kubera

 

nari nzi ko aho bizorekera kuza nzosubira inyuma

 

nongere ndavyihweze nitonze, ndaba neza ko biri ku

 

murongo w'ivyandiko vya Bibiliya.

 

 

Uzotangara niwagerageza kugira ivyandiko. Ubwambere ugukekeranya

 

gushobora kuzoguhagarika, ariko biterere hirya, wiyibutse ko ari

 

ivyandiko vya Bibiliya, kandi ko Imana iri ngaho, ivugisha abana

 

bayo. Ntiwifate ko uhambaye cane. Ni wabigira, uzoca

 

usanga uriko urazibira inzira ya Mutima Mweranda.

 

Ni igihe turetse ibikorwa vyacu tukinjira mu

 

buruhukiro bwiwe Imana ica ishungurura ivyiyumviro

 

vyayo (Heb.4:10).

 

Nico gituma ushira akanyamuneza mu maso yawe, icara

 

neza, sohora ikaramu yawe n'urupapuro, hanyuma

 

uhangaze amaso ku Mana mu kuyiririmba no

 

kuyishimagiza, usaba ko womubona amaso mu yandi.

 

Uriko urandika ikibazo cawe ubaza Imana ukaguma

 

hamwe, uhangaje umutima wawe kuri Yezu, ari kumwe na

 

we, uzoca uronka iciyumviro ciza cishura ikibazo

 

cawe. Ntugikekeranye, ca ucandika ubwo nyene.

 

Hanyuma uriko urasoma ivyandiko vyawe, na we nyene

 

uzohezagirwa kubona uriko uraganira n'Imana.

 

Inyigisho zanyuma:nta numwe yogerageza ibi bintu

 

atabanje gusoma Bibiliya nshasha (New Testament)

 

cane cane , Bibiliya yose, kandi nta numwe

 

yogerageza ibi bintu kiretse akoreshejwe

 

n'ingabirano ya Mutima Mweranda.

 

Ingendo nya mukuru zituruka mu kwandika zotegerezwa

 

guherezwa imbere y'uko zikoreshwa.

 

Ni mugendere www.cwgministries.org mukeneye izindi

 

nyigisho canke ibisomwa vyerekeye kwumva ijwi

 

ry'Imana.